Film IMVA YA MWIHORO
ni Film ihanura kudahuruduka mugufata ingingo runaka no kutihorera kukintu cose cabaye nkingaruka zo gufata ingingo mbi.
icaduteye kwandika ireresi imva ya mwihoro
ireresi tuyifata nkivugabutumwa. kubwivyo twipfuje gutanga ubutumwa kubenegihugu eka nabashobora kwumva ururimi rw'ikirundi kuko twizera ko hari benshi bahinduka bivuye kumpanuro ziri mumareresi
ico twashatse kwigisha
mukwandika imva ya mwihoro icambere yigisha kubijanye n'ingo N'imiryango. twipfuje kwerekana ingene gufata ingingo wihuse murugo bitewe n'ishavu muri make guhubuka atari vyiza bishobora gukwega ikibi kandi nawe wafashe ingingo wihuse ingaruka mbi zavyo zikagushikira
icakabiri twashats kwigisha ko ico uzokora cose muri buno buzima utegerezwa kucishura "ukora iciza ukagisangimbere wakora inabi ikaguherekeza"
ariko kandi ko guhora ari ukw'Imana kuko iyo ugerageje kwihora usanga wewe nyene wishize mungorane zizokugora kuvamwo.
ireresi imva ya mwihoro twiteze ko izotuma abayikurikiranye birinda guhubuka mugufata ingingo bakabanza gushishoza no kubaza umutima nama hamwe no kudakora inabi kuko uko bizogenda kose uzovyishura.
FILM : IMVÁ YA MWÎHŌRO
Written by Cadeau Ravell KAGISYE
DIRECTOR : Amédée MANIRAKIZA
ASS.DIRECTOR : Fiston HARAGIRAMUNGU
CAMERAMAN : XRAY BAM
EDITOR : NIJI PRO
PRODUCER : BURWOOD TV
Contact Email: bmtarcal@gmail.com
Facebook : BMT Buja
Téléphon: +257 76604015
+257 7926587
Негізгі бет IMVA YA MWIHORO PART 8
Пікірлер: 623