🗣️ Kuva muri Rusama 2024, uruganda rw'iyandikiro ry'ibitabu Gusoma rwariko rurategura isekeza rizoca mu binyamakuru kugira ngo hatogwe amajambo mashasha y'ikirundi🇧🇮, canke hashirwe ahabona ayari atazwi, ajanye n'ibintu bimwe bimwe bizwi mu ndimi mvamahanga, kandi ari ivyo twama duhura buri musi.
Muri ico gikorwa, Urwengo Nshingwakirundi (Académie Rundi) ruzoterera mu kunoganza amajambo azoba yatowe n'abasomyi, kugira abe ay'akanovera kandi ayarama.
Buri ku wakane, hazotunganywa impuriro ku cicaro c'uruganda Éditions Gusoma zijanye n'ico gikorwa co kunoganza, hakurikijwe kino kirangamisi:
- ubutunzi : 11 Mukakaro 2024
- imicokama n'inkino : 18 Mukakaro 2024
- indero : 25 Mukakaro 2024
- amagara : 01 Myandagaro 2024
- ubuhinga bwa none (TIC) : 08 Myandagaro 2024
- inyubako : 14 Myandagaro 2024
- uburimyi/ubworozi : 22 Myandagaro 2024
🙏🏾 Kaze murisanze.
Негізгі бет Isekeza
No video
Пікірлер