Kurikirane ikibiriraho ibikorwa vyo kuri uyu wa 02 Gitugutu 2024, aho Abashingamateka baramutse bashikirizwa ivyegeranyo bibiri (2) n'aba bakurikira:
1) Umukuru w'umugwi wamaho mu vyo ujejwe harimwo ubutunzi : "Icegeranyo c'umwihwezo wagizwe ku cegeranyo kijanye no gukurikiranira hafi uko amakomine ya Ngozi, Kayanza na Kayogoro ashira mu ngiro ivyasabwe na Sentare yubahiriza amatungo ya Reta ;
2) Umukuru w'umugwi wamaho mu vyo ujejwe harimwo intwaro ibereye : "Icegeranyo kijanye no gukurikiranira hafi uko amakomine ya Rutana, Makamba na Kirundo ashira mu ngiro ivyasabwe na Sentare yubahiriza amatungo ya Reta.
Umushikiranganji Martin Niteretse mu vyo ajejwe harimwo intwaro yo hagati mu gihugu ni umutumire kugira atange umuco yongere yishure no ku bibazo vyunganirwa bibakiye abaserukira abenegihugu.
#amakuru_atarikwivumbi Inama Nshingamateka isabako ba Musitanteri n’abakozi bazoba bizewe inyuma y’amatora yo mu mwaka wa 2025 bobanza kuronswa inyigisho nkarishabwenge mu bijanye n’uburongozi bw’amakomine imbere yo gutangura ayo mabanga.
Ivyo ni ivyashikirijwe mu nama ya bose yakoranye kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 2 gitugutu 2024, irongowe n’Icegera ca mbere c’Umukuru w’Inama Nshingamateka Sabine Ntakarutimana, aho bari baramutse bihweza ivyegeranyo vyakozwe kw’ishirwa mu ngiro ry’ivyasabwe na Sentare yubahiriza amatungo ya Reta, inyuma y'isuzuma yakoze mu mwaka wa 2019, mu makomine ya Ngozi, Kayanza, Kirundo, Makamba, Rutana na Kayogoro.
Nk’uko Umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n'umutekano Martin Nitereste yabimenyesheje, ishirwa mu ngiro ry’ivyasabwe n'iyo Sentare rigeze ku rugero rurenga ibice 80 kw'ijana (80%).
Inyuma yo guhanahana ivyiyumviro kuri ivyo vyegeranyo, Umushingamateka Sabine Ntakarutimana yari arongoye iyo Nama ya bose yarangije asaba Umushikiranganji gushira mu ngiro ibi bikurikira :
Guhimiriza ba Musitanteri gukurikiza ibiri mu gitabu kigenga ingene intwaro, ubutunzi n’ikigega c’amakomine bitunganywa;
Kwihutira gushira mu ngiro ikijanye n’ikoreshwa ry’ubuhinga bwa none mw’itunganywa ry’ubutunzi bwa komine, no kugira umwitwarariko munini ikibazo c’umuyagankuba kugira uwo mugambi uje mu ngiro ;
Gushira mu ngiro ibitaraja mu ngiro mu vyasabwe na Sentare yubahiriza amatungo ya Reta.
#urugendo_news_amakuru
#Updats_zurugendo_news
Amakuru 🅱🅱C Gahuzamiryango
Amakuru ya RPA yihuta
Amakuru ya Haguruka yihuta
Amakuru yinzamba yihuta
Amakuru ya Peace FM yihuta
Amakuru n'ibiganiro bicukumbuye
Негізгі бет Raba ivyashikiye Hon.Agathon Rwasa nabandi ba Depite babaza ibibazo,nabunganira Umushikiranganji
Пікірлер: 7