Finally ,It's out now.
SIKO YARI -B FACE feat. YVETTE (OFFICIAL AUDIO)
produced by Amir Pro
LYRICS
Oohhh Eehh
Eehh
[Yvette]
Siko yari ahubwo niko yabaye
Yavutse nk'abandi arira agahozwa
BwaraKeye bucana ayandi
Aho yariraha barabahamba
Kiramwa kira kandi cagutse
Yabaye impfuvyi atabishaka
[B Face]
Inyamaswa ntindi ivyara uruhigi
Gwaramutse
Birababaje kubona uvuka aho vyuzuye
Bikarangira womotse Niko yabaye
Iyo mpfuvyi siko yavutse
Murindakiji hama bakajya yicaye
Ibyo bamusigiye navyo barasahuye
Agizengo arabaza avuga bamuzibiye
Abicike gute ko nurya womuvugiye
Ari mubamuriye
Aragwara akirwaza agakizwa n'ibihe
Kwataharira yaha yakwivuza hehe
Ntiyiga nkabandi avuga uti nivyahe..
Ushobora kwibaza uti kuki abaye gutya
Kandi yavutse nk'abandi
Arasonza akigunga kandi yataragera
Ararira akayaha abatayakira
Nuwo yituye ntihagira icyo amumarira
Nuwo yituye ntihagira icyo amumarira
Iminsi yose akama ari n'amarira
Bararya bagahaga bakaryama heza
Nawe ubwiwe ahaze umuyaga
Akamana ibibazo ahari ishavu n'iniga
Agenze ngo ashize umujinya
Agatsira ntashira akagumya ari ukwidoda
Abyuka yiruka akakimaza amaguru
Atagira iyo aja rikarinda rirenga
Siko yavutse niho yabonye yisanga
[Yvette]
Siko yari ahubwo niko yabaye
Yavutse nk'abandi arira agahozwa
Bwarakeye bucana ayandi
Aho yariraha barabahamba
Kiramwa kira kandi cagutse
Yabaye impfubyi atabishaka
[B Face]
Umwana wibarabara
Imbere arironderera
Numvise ibitanderera ahubwo
Ubu mutahura
Nawe yavyisanzemo
Hanyuma aratangara
Kuba impfuvyi birababaza
Kandi bigaturitsa umutima
Ukaba mumaganya wambaza umukama
Nico gituma benshi bamwe baba abasuma
Ukama wifuza kubivamo bikakubera ingome
Ukamera imvi mbere yuko umera umusatsi
Impfuvyi niyo kwitaho siyo gutera ibyatsi
Urayikubita hamwe uyirekere amayira
Uyime utayitutse kuko nayo aho ibaye
Nawe wari kuyitahura
Erega kuva kera burya siko vyahora
Atari ibintu byubu byamaze kuyangara
Kera ntiyaruwumwe ahubwo bwari ubumwe
Kandi baranatahura yuko ari bamwe
Umwana wese bakamurera co kimwe
Ariko ubu ntibakibyumva co kimwe
Ubu arahwera ntibamufashe nakimwe
Yahora yari uw’ u Burundi ubu yabaye uwi kirere
Ntagira kirera ntiyize ahubwo yabaye ikirere
Yirirwa munzira abandi bari mu ishuri
Uronka abakurerera nawe raba umurere
Ivy’umuntu nubundi ntukavyibagire aah
Zirisha mpanda ziraririye mukike
Burya hazoteba hagere
Igihe wafashe urugendo rwagasaga mw’isi ya gacerere
Aaahh
[Yvette]
Siko yari ahubwo niko yabaye
Yavutse nk'abandi arira agahozwa
Bwarakeye bucana ayandi
Aho yariraha barabahamba
Kiramwa kira kandi cagutse
Yabaye impfuvyi atabishaka
[B Face]
Yoo reka mbabwire
Harya uwutazi ivyisi azokwama
Avyita ivyiwe
Fasha abandi ukibishoboye
Kuko twese turi abahita
mpore mwana mpore kibondo
Uri impfuvyi nturi igipfu
Uko bukeye siko bwira
Kandi nta mvura idahita
Yoo buri wese akore icyo ashoboye
Kugirango umwana wimpfuvyi
Cangwa uwo mwibarabara abeho nkabandi
Nkuko n'amashyirahamwe afasha abana
Asanzwe abikora Imana niyo izobiguhembera
Yoo Yvette hoza uwo mwana twigire.
Негізгі бет Музыка SIKO YARI -B FACE (OFFICIAL AUDIO)
Пікірлер: 196